Uko wahagera

Perezida Obama Azogendera Igisagara ca Hiroshima


Perezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, atangaza ko azogendera igisagara ca Hiroshima, mu gihugu c’Ubuyapani, mu mpera z’uku kwezi.

Azoba abaye umuperezida wa mbere wa Amerika agiye muri ico gisagara, aho indege y’ingwano ya Amerika yakoroye bombe atomike ya mbere, mu mwaka w’i 1945, mu kiringo ca kabiri c’ingwano y’isi yose.

Mu kiringo c’imyaka mirongo irindwi, aba perezida ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika baririnze kugendera ibisagara vya Hiroshima na Nagasaki, aho bombe atomike igira kabiri yakororewe imisi itatu inyuma yaho. Ivyo kugira ntiberekane ko urugendo nkurwo rwobonwa nk’ikimenyetso c’ugusaba imbabazi ku nkurikizi ziteye agahinda ivyo biwanisho vyagize.

Ibiro vya perezida wa Amerika, Maison Blanche, vyamenyesheje ko Obama, azogendera igisagara ca Hiroshima, ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe ,mu mpera z’urugendo azogira mu Buyapani na Vietnam, hagati y’italiki 21 n’italiki 28 z’uku kwezi kwa gatanu.

Ben Rhodes, umuhanuzi wa perezida Obama, yarakuyemwo ivy’uko Obama azosaba imbabazi, ku bitero vya bombe vyagizwe ku bisagara vya Hiroshima na Nagasaki.

Rhodes, yatangaje ko perezida Obama, atazosubira kugaruka ku ngingo y’ugukoresha bome atomike, mu mpera z’ingwano ya kabiri y’isi yose. Ahubwo azoshimikira kuri kazoza Amerika n’Ubuyapani bisangiye.

XS
SM
MD
LG