Uko wahagera

Igitero c'inteko za Amerika na Somaliya ku Murwi Al-Shabab


Somaliya kw'ikarata

Somaliya kw'ikarata

Inteko zidasanzwe za Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’iza Somaliya, zagiriye hamwe igitero, mu gitondo c’uno musi ku wa kabiri, kw’ikambi y’umurwi al-Shabab, zica canke zifata igitigiri kitazwi c’abarwanyi.

Mohamed Nur Gabow, umutegetsi ajejwe umutekano muri Somaliya, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomalia, kw’inteko zidasanzwe za Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagize uruhara rukomeye muri ico gikorwa carondera abategetsi b’umurwi al-Shabab.

Abanyagihugu baba mu mihana y’ahitwa Toratorow, hafi y’ibilometero ijana mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, Mogadisho, batangaza kw’abasirikare bakorotse bava mu ndege ya kajugujugu ku nkengera z’iyo mihana. Mu nyuma yaho batera baja mu kibanza barondera n’amaguru.

Mohamed Nur Gabow, umutegetsi ajejwe umutekano muri Somaliya, avuga kw’ico gikorwa camaze amasaha abiri. Amenysha kw’ata gikorwa c’ukwivuna izo nteko cabaye.

Ntiyamenyesheje igitigiri c’abarwanyi bishwe canke bafashwe.

Umutegetsi w’Umunyamerika yemeje kw’ico gikorwa ca gisirikare cabaye, yamara nta birenga aho yashikirije ku ruhara rw’inteko za Amerika.

XS
SM
MD
LG