Uko wahagera

Abanyarwanda Bagirizwa Ihonyabwoko Imbere y'Intahe I Parisi

Alain Gauthier, i bubamfu, n'umutambukanyi wiwe, Dafroza Gauthier, i buryo, bahiga abakoze ihonyabwoko mu Rwanda, bashitse muri sentare i Paris, ku musi wa kabiri, italiki 10 z'ukwezi kwa kane, umwakw w'i 2016, kwumviriza urubanza rwa Tite Barahirwa, na Octavien Ngenzi, muri sentare yo mu Bufransa ku vyagirizo vyuko bakokeje igandagurwa ry'Abatutsi mu misi ya mbere y'ihonyabwoko mu Rwanda mu mwaka w'i 1994.

Tito Barahirwa, na Octavien Ngenzi, bahoze ari abakuru b’ibisagara bagiye imbere y’intahe, kuruyu wa kabiri, mu gihugu c’Ubufaransa. Bagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko n’ivyaha bityoza agateka ka muntu mu mwaka w’i 1994 mu Rwanda.

Bwana Barahirwa, afise imyaka 64, na Ngenzi, afise imyaka 58, bagirizwa ko bagize uruhara mw’igandagurwa ry’Abatutsi ibihumbi bibiri bari bahungiye mw’isengero, muri komini ya Kabarondo. Byari kw’italiki cumi na zitatu z’ukwezi kwa kane, mu mwaka w’i 1994.

Ivyabona bavuga ko babonye Barahirwa, azungagiza icumu, mw’ikoraniro ryabereye ku kubuga c’umupira w’amaguru, aho yahamagariye gukora akazi, ijambo rifobetse rivuga kwica Abatutsi. Aho hari mu gitondo c’italiki 13 z’ukwezi kwa kane mu mwaka w’i 1994.

Barahirwa na Ngenzi bahakana ivyo bagirizwa. Hamwe bokwagira ivyaha bagirizwa, bashobora gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Bitegekanijwe ko urubanza rwabo, ruzofatwa amajwi ku mpamvu z’amateka, ruzomara indwi umunani.

Abantu basinzikajwe n’ububisha bw’abo bantu babiri, inshuti, n’ivyabona barenga ijana, benshi muribo bazoza bavuye mu Rwanda, baritezwe i Paris, kuvuga ivyo babonye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryahaye Ubufaransa uruhusha rudasanzwe rw’ugukwirikirana ivyaha vyakorewe mu Rwanda, mu gihe c’ihonyabwoko ryo mu mwaka w’i 1994.

XS
SM
MD
LG