Uko wahagera

ONU: Urwanko Rukabije Ku Mpunzi


Impunzi n'abimukira ku rubibe rw'Ubugiriki

Impunzi n'abimukira ku rubibe rw'Ubugiriki

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ritewe umutima uhagaze n’ukwiyongera kw’urwanko hamwe n’ikumirwa rikorerwa impunzi n’abimukira kw’isi.

Muri Raporo yasohowe na ONU kuwa mbere, Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-moon amenyesha ko amacakubiri n’urwanko bikorerwa impunzi n’abimukira birushiriza kwiyongera kandi bisa n’ivyabaye umugenzo.

Ibihugu bitari bike vyo ku mugabane wa Bulayi vyarubatse inzitiro ibindi vyugara imbibe zavyo kugira bibuze impunzi zihunga intambara kwinjira mu bihugu vyabo.

Kuva mu kwezi kwa mbere, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira rimenyesha ko impunzi zirenga ibihumbi 184 zinjiye ku butaka bwa Bulayi ziciye mw’ibahari.

Abashika 1,357 barapfuye mugihe bariko bagerageza kwinjira I Bulayi baciye mw’ibahari Mediterane.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryipfuza ko mu mwaka w’2018 ibihugu vyo kwisi vyoba vyasinye urwandiko rwerekana uruhara rw’igihugu cose mu gutorera inyishu ikibazo c’impunzi kw’isi.

Uwo mugambi kandi usaba ama reta kwakira n’iburi buri ic’icumu c’imiliyoni 19.6 zihunga ibihugu kira mwaka.

XS
SM
MD
LG