Uko wahagera

"El-Chapo" Agiye Kurungikwa muri Amerika


Joaquin "El Chapo" Guzman, yari ayoboye umurwi ukomeye ucuruza ibiyayura umutwe muri Mexique
Joaquin "El Chapo" Guzman, yari ayoboye umurwi ukomeye ucuruza ibiyayura umutwe muri Mexique

Umucamanza mu gihugu ca Mexique, yafashe ingingo yuko, Joachim “El Chapo” Guzman, ayoboye umurwi ugira ubucuruzi bw’ibiyayura umutwi muri Mexique, ashobora kurungikwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika guhangana n’ivyaha yagirizwa.

Sentare y’igihugu ca Mexique, yatangaje kw’ingingo y’ukurekurira irungikwa rya Guzman muri Amerika, yemejwe ku wa mbere.

Yamara ingingo ya nyuma izotangwa n’ubushsikiranganji bujejwe imigenderanire.

Ababuranira Guzman, bashobora kwunguruza kuri iyo ngingo.

Ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, Guzman yimuwe mw’ibohero ricunzwe cane rya Altiplano, ajanwa mw’ibohero rya Ciudad Juarez, igisagara kiri ku rubibe hagati ya Mexique na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Reta ya Mexique imenyesha ko yimuriye Guzman mw’ibohero ryo mu gisagara ca Ciudad Juarez, kubera ingingo zikomeye zerekeye umutekano zafashwe muri iryo bohero.

Joaquim “El Chapo” Guzman, yatorotse ibohero rya Altiplano, mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2015.

Yarafashwe amezi atandatu inyuma yaho, mu gikorwa ca gisirikare cabereye mu ntara yiwe y’amavuko ya Sinaloa.

XS
SM
MD
LG