Uko wahagera

Ingendo mu Ndege Zakoroha Zite muri Afurika?


Amareta yarakwiye kwitwararika gufasha kugira igiciro c'urugendo rw'indege kibe gito kugira urudandazwa muri Afurika ruterimbere, n'imigenderanire hagati y'ibihugu igwizwe. Ibi ni bimwe mu bikoranirije abakozi, abarongoye n'abafashanya bikorwa b'abakorera mu gisata co gutwara abantu n'ibintu mu ndege mu nama igira gatanu iriko irababuriza i Kigali mu Rwanda kuva kur’uyu w'Imana.

Abayobozi b'amashirahamwe yo muri Afurika ajejwe gutwara abantu n'ibintu mu ndege berekanako amatagisi menshi ariyo atuma igiciro c'urugendo rw'indege kiba kinini cane kuko ama leta muri Afurika acibaza ko indege igendamwo abatunzi gusa.

Kimwe mu bintu vyabonetse ni uko abiyunguruza mu ndege muri Afurika bavugako ibiciro vy’indege bizimvye kur’uyu mugabane w’isi. Abakorera mu mashirahamwe atwara abantu n’ibintu mu ndege muri Afurika bari kumwe n’abafatanya bikorwa babo, babona ko ikibazo ahanini gituma ivyo biciro bizimba ari amatagisi ama leta ashiraho mu kwishiramwo ko abiyunguruza n’indege ari abatunzi gusa.

Mu bindi bihugu vyateye imbere ku yindi migabane y’isi, kwiyunguruza n’indege ni kimwe mu buryo bwo kwiyunguruza bworoshe kugira umuntu ashobore gushika aho agiye binyarutse kandi n’ivyo ariko arakora binyaruke. Ku ruhande rumwe, ibi bituma n’ubuzima bw’ibihugu buterimbere na cane ubutunzi kuko urudandazwa ruheza rukihuta kandi rugakorwa na benshi intambamyi yo gushika aho umuntu ashaka yahavuye.

Ku rundi ruhande ibi biratuma hagati y’ibihugu biri mu mugabane umwe ubucuti buba bwinshi imigenderanire ikaba myiza.

Iyi nama igira gatanu y’abakorera mu gisata co gutwara abantu n’ibintu n’indege iriko ibera i Kigali mu Rwanda kuva kur’uyu w’Imana yahuje abantu bagera kuri 350, bava mu bihugu 43. Muri ibi bihugu, Uburundi ntibwari bwaserukiwe.

Ni inkuru y’umumenyeshamakuru wacu i Kigali mu Rwanda, Tabitha Mukamusoni.

XS
SM
MD
LG