Uko wahagera

Siriya: Ugutana mu Mitwe Kwagabanutse


Umushikiranganjni ajejwew wimigenderansire wa Amerika, John Kerry, ari mu nama ku gihugu ca Siriya, i Paris mu Bufransa kw;italiki 9 z'ukweziz kwa gatanu, umwaka w'i 2016
Umushikiranganjni ajejwew wimigenderansire wa Amerika, John Kerry, ari mu nama ku gihugu ca Siriya, i Paris mu Bufransa kw;italiki 9 z'ukweziz kwa gatanu, umwaka w'i 2016

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya vyatangeje kw’igikorwa biriko bikorera hamwe c’uguhagarika uruhagarara mu gihugu ca Siriya catumye ingwano igabanuka bikomeye mu bice bimwe bimwe vy’igihugu. Yamara hakiri ibibazo.

Mw’itangazo vyashikirije hamwe ku musi wa kabiri, ivyo bihugu bibiri vyatangaje kw’ugutana mu mitwe hagati ya Reta y’igihugu ca Siriya n’abarwanya ubutegetsi kwagabanutse bikomeye, mu buraruko bw’intara ya Latakia, no mu buseruko bw’akarere ka Ghouta, ibice bibiri aho amasezerano y’uguhagarika ingwano yashitsweko hagati ya Reta Zunhze Ubumwe za Amerika, n’Uburusiya mu mpera z’ukwezi kwa kane.

Yamara ivyo bihugu bibiri biremera ko hakiri ibibazo ku bijanye n’agahengwe, mu bice bitari bike vy’igihugu, cane cane mu bihe vya vuba.

Agehenwe kagiye mu ngiro, mu kwezi kwa kabiri, muri Siriya, ntikubahirijwe mu bice vyose.

Kimwe mu bice aho ako gahengwe katubahirijwe n’igisagara ca Aleppo, aho abantu bagera ku majana atatu bishwe, mu ruhagarara rwabaye mu ndwi zirangiye.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Uburusiya biyoboye umurwi ujejwe gukwirikirana ivyerekeye kurenga ku masezerano y’uguhagarika ingwano.

XS
SM
MD
LG