Uko wahagera

UEFA: Michel Platini Yatanze Imihoho


Michel Platini, yahoze ayoboye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu karere k'i Bulaya, UEFA
Michel Platini, yahoze ayoboye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu karere k'i Bulaya, UEFA

Michel Platini yatanze imihoho mu mabanga yiwe y’ukuyobora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere k’i Bulaya, mu mpfunyapfunyo, UEFA. Ivyo inyuma yuko sentare ijejwe gutatura amatati mu rwego rw’inkino, yanse gukuraho igihano yafatiwe c’ukuziririzwa imirimo yose ijanye n’umupira w’amaguru. Yamara iyo sentare yagabanije ico kiringo mu kukivana ku myaka itandatu igishira ku myaka ine.

Sentare ijejwe gutatura amatati mu rwego rw’inkino, yasanze Platini yagira kuba yahawe n’ishirahamwe FIFA, imiliyoni zibiri z’amadolari, mu buryo burimwo amahinyu , ku vyo yakoze mu mabanga y’ukuba umuhanuzi w’uwahoze ari umuyobozi w’ishirahamwe FIFA, Sepp Blatter.

Blatter yatanze imihoho mu mabanga yiwe mu mwaka w’i 2015, mu gihe itohoza rya ruswa ribandanya.

Ku bwa Platini, ingingo ya sentare ijejwe gutatura amatati mu rwego rw’inkino iramurenganya cane. Amenyesha ko azobandanya iyo dosiye mu masentare y’igihugu c’Ubuswise, mu kigoro k’ugukingira iragi ryiwe.

Iyo ngingo izotuma adashobora kuzokwitoza kuyobora ishirahamwe FIFA, mu matora azokwirikira.

Mw’itangazo, sentare ijejwe gutatura amatati mu rwego rw’inkino, yamenyesheje ko itanyuzwe, ku vyerekeye imiliyoni zibiri z’amadolari Platini yarishwe na Blatter. Iyo sdntare ivuga kw’ayo mafranga yemewe hagati y’abo gusa.

XS
SM
MD
LG