Uko wahagera

Burundi: 21 Bahanishijwe Gufungwa Burundu


BURUNDI/ ALLEGED COUP PLOTTER'S SENTENCE
BURUNDI/ ALLEGED COUP PLOTTER'S SENTENCE

Abantu 21 kuri 28 bari muri dosiye y’abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi bahanishijwe igihano c’ugufungwa ubuzima bwabo bwose n’ukutemererwa gukora imirimo ya leta mu kiringo c’imyaka 20.

Naho baciriwe ibihano biremereye ugereranije n’ivyo mu rubanza rwa mbere, abagirizwa icaha babonetse imbere ya sentare batwenga ,bakeye mu maso ndetse banakoma amashi mu gihe umukuru w’intahe yarahejeje kubamenyesha urwo baciriwe.

Muribo harimwo abasirikare babiri n’abapolisi babiri b’ipete rya général bari bahanishijwe n’umucamanza wa mbere igihano c’umunyororo wo guherayo n’imyaka cumi y’ukutemererwa gukora imirimo ya leta.

Kur'aba bane hiyongeyeko abandi cumi n’indwi harimwo umuce munini w’intwazangabo kuko zose havuyemwo Major Nicaise Ntahomereye yejejwe nk’uko vyari vyagenze ubwa mbere bahanishijwe ico gihano c’ugufungwa ubuzima bwabo bwose.

Abandi bafungwa batanu bahanishijwe igihano c’ugufungwa imyaka ibiri, babiri nabo barezwa.

Mu bahanishijwe igihano c’umunyororo w’ubuzima bwabo bwose , harimwo abari barejejwe n’umucamanza wa mbere. Muribo harimwo Général Prime Ngowenubusa, yigeze kuba icegera c’umukuru w’igisata c’ingabo zigwanira hasi chef d’Etat major Inter armees mu gifaransa, Docteur colonel Jean Bosco Daradangwa, umukukuruke mu gisirikare na colonel Richard Hagabimana ubu ari mu gihugu c’Ubugiriki. Ubutungane bwaciye butegeka ko abari barekuwe bidegemvya boca bahagarikwa ubutarariye bagasubizwa mu munyororo.

Aba bapolisi n’abasirikare basabiwe ibihano vy’ugufungwa ukwari 26 , sentare yabategetse kandi kuriha indishi z’akababaro zirenga imiliyaridi 6 z’amarundi.

Muriyo harimwo imiliaridi zine zirenga zasabwe na radio television Rema kubera ivyuma, inyubakwa n’imiduga vyononywe, ayarenga imilioni 180 yasabwe n’umugambwe CNDD FDD kubera inyubwakwa n’impuzu vyononekaye, ayarenga imilioni 361 y’ubushikiranganji bw’umutekano kubera abapolisibishwe , abagizwe ibimuga, ibigwanisho n’ibindi bikoresho vyonekaye n’ivyibwe hamwe n’ubushikiranagnji bw’ukwivuna abansi bwatse imilioni zirenga 793 kubera absirikare bishwe , ibigwanisho vyibwe n’ivyononekaye hatibagiwe abapolisi 12 basavye indishi ku giti cabo bavuga ko basinzikarijwe ubuzima, abandi bakabomorerwa amazu.

Umucamanza wa mbere yari yahanishije umunyororo w’uguherayo abasirikare n’abapolisi babiri bafise ipete rya général. Batatu muribo baremanze kimwe muvyo bagirizwa : ugushaka guhirika ubutegetsi. Ariko basiguye ko babikoze mu ntumbero y’ukugarukira amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro, mbere bo biyita intwari n’abahizi aho kwitwa abashatse guta igihugu mu kaga.

Mubavyemanze harimwo Général Cyrille Ndayirukiye, yigeze kuba umushikirnaganji w’ukwivuna abansi akaba afatwa nka numero ya kabiri y’abashatse guhirika ubutegetsi. Abandi 9 bari bahanishijwe imyaka 30 y’ugufungwa, 8 imyaka 5 nayo ndwi barezwa.

Umushikirizamanza yunguruje asaba ibintu 3 nyamukuru : kwerekana isano riri hagati y’abateguye imyirekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu n’abashatse guhirika ubutegetsi, kuronsa indishi z’akababaro bene kuzisaba hamwe n’uko abagirizwa bose bohanishwa umunyororo w’uguherayo n’imyaka 20 y’ukutemererwa gukora akazi ka leta.

Bose kwari 28 yabagirije ivyaha bitatu: ugushaka gutembagaza ubutegetsi, ukwica abapolisi, abasirikare n’abnyagihugu hamwe n’ukubomora inyubakwa nyinshi.

Mu matageko y’Uburundi abagirizwa basigaje kungururiza muri gasamburamanza honyene, bakaba bafise imisi itarenga 60 kugira babikore.

Uru rubanza rusomwe imisi ine imbere y’uko hibukwa umwaka urangiye habaye igeregezwa ry’uguhirika ubutegetsi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:19 0:00

XS
SM
MD
LG