Uko wahagera

Burundi: Ibiganiro Biracyafite Ingorane


Ibiganiro bihuza abarundi hagati mu gihugu vyaranguye kandi biramaze gutunganywa mu ntara zitari nke zo mu Burundi.Yamara ibindi biganiro bihuza reta y’Uburundi n’abandi banyapolitike bari hanze y’igihugu, ntibiratangura.

Inyuma y’aho hugururiwe inama yari yatumiwemwo abegwa n’ibibazo vyo mu Burundi yabereye mu gihugu c’Ubuganda, yatunganijwe n’umuhuza, Perezida Yoweri Museveni w’igihugu c’Ubuganda Isango rikwirikira ry’ibiganiro vyari gutangurira I Arusha, ntiryabaye.

Mu nyuma ishirahamwe ryo mu bihugu vyo muri Afurika yo mu buseruko, ryahavuye rigena, Perezida Benjamin Mkapa yahoze arongoye igihugu ca Tanzania, ngo nawe abe umufasha mur’ivyo biganiro bihuza abarundi.

Perezida Benjamin Mkapa, yari yatumyeko abanyapolitike b’ababarundi mu biganiro vyari gutangura I Arusha kw’igenekerezo rya 2 ry’uku kwezi kwa gatanu gushika kw’igenekerezo rya 6, yamara ivyo biganiro ntivyabaye, vyahavuye vyunguruzwa kandi ubutumire bwari bwamaze gutangwa.

Irindi sango ryashikirijwe ry’ivyo biganiro n’itariki 21 y’uku kwezi kwa gatanu. Mbega iryo sango ryoryo rizokwubahirizwa?

Mbega ikintu gituma ivyo biganiro vyama vyasibijwe n’ikihe?

Ijwi rya Amerika rifite abatumire babiri: Deo Hakizimana yigeze guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yabaye mu mwaka w’2010 hamwe na Professeur Paul Nkunzimana, umukuru w’umugambwe w’abakozi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:57:40 0:00

XS
SM
MD
LG