Uko wahagera

Uburundi Bwamaganye Udushimwe twa Barankitse na Mbonimpa


Gelase Ndabirabe

Gelase Ndabirabe

Reta y’Uburundi yaraye yiyamirije udushimwe twaronse abarundi babiri, baharanira ineza y’abanyagihugu

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD uvuga kw’ udushimwe duherutse guhabwa Pierre Claver Mbonimpa atwara Approdh na Marguerite Barankitse atwara Maison Shalom, ar’utwo gutera intege abagumutsi bafise intego y'ugutembagaza ubutegetsi.

Ariko abatavuga rumwe n'ubutegetsi babona kw’utwo dushimwe, ari iteka ku gihugu, bagahamagrira nyabuna Reta kworohereza abo baronse utwo dushimwe, kugira ayo mafaranga akoreshwe mu gihugu ku nyungu z'abarundi.

Mushobora kwumviriza inkuru yateguwe na Eloge Willy Kaneza

XS
SM
MD
LG