Uko wahagera

Uganda: Nta Makuru Ku Bikorwa vy'Umugambwe FDC


Umupolisi w'Ubuganda afashe Ikinyamakuru
Umupolisi w'Ubuganda afashe Ikinyamakuru

Leta y’Ubuganda imenyesha ko izokwaka uburenganzira bwo gukora canke ikazofunga abamenyeshamakuru bazotangaza amakuru yamamaza ibikorwa vy’umugambwe utavugarumwe na Leta FDC.

Kuva habaye amatora y’umukuru w’igihugu muri Uganda italiki ya 18 z’ukwezi kwa kabiri uyu mwaka, amatora yatahukanwe na Perezida Yoweli Museveni hagaragaye ugutana mu mitwe hagati y’igipolisi n’abatavugarumwe na leta.

Ku musi wa kane wari umusi abategetsi n’abanywanyi b’umugambwe FDC bari bategekanije kuja mu myiyerekano yo gusaba ko hasubira gusuzumwa ibiharuro vyavuye mu matora.

Abapolisi benshi bari bameze magabo mu mabarabara ya Kampala kugira baburizemwo iyo myigaragamvyo. Gushik’ubu umukandida akaba n’umukuru w’umugambwe FDC, Kizza Besigye aracacungerewe aho aba.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru kuwa kane yaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yatangaje ko ibinyamakuru bibujijwe gutangaza amakuru ku bikorwa vy’umugambwe FDC, kutunganya ibiganiro ku bamenyeshamakuru n’ibindi biganiro.

XS
SM
MD
LG