Uko wahagera

Canada: Imiriro yo mu Mashamba Yananiranye


Imiriro yiyadukije mu mashamba muri Canada

Imiriro yiyadukije mu mashamba muri Canada

Abantu batari bake babandanya guhunga imiriro yo mu mashamba yiyadukije mu gice ca Wood Buffalo, muri Reta ya Alberta, mu gihugu ca Canada.

Reta ya Alberta yashizeho amategeko yo mu bihe bidasanzwe. Iyo Reta yategetse abanyagihugu kuva mu bice vya Anzac, Gregoire Lake Estates, Mackenzie County, na Fort McMurray First Nation, ikibanza ca bakavukire.

Ku musi wa gatatu, iyo miriro yari imaze gutuma abantu ibihumbi mirongo umunani bava mu zabo.

Igikorwa gikomeye kiriko kiraba mu gihe, imirwi y’abajejwe gutabara bariko barwanya imiriro yadutse mu bice mirongo ine n’icenda.

Iyo miriro yananiranye mu bice indwi.

Abajejwe kurwanya imiriro barenga igihumbi n’ijana na cumi, indege za kajugujugu ijana na mirongo ine na zitanu, n’ibindi bikoresho bitari bike bariko barwanya iyo miriro.

Ibihe ntibiriko birafasha. Imiyaga ikomeye iriko ituma iyo miriro yongereza inguvu.

XS
SM
MD
LG