Uko wahagera

Siriya: Uburusiya Burondera Igihagararo mu Makungu


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov, i bubamfu, ari kumwe n'intumwa idasanzwe y'ishirahamwe O-N-U, muri Siriya, Staffan de Mistura, i buryo

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov, i bubamfu, ari kumwe n'intumwa idasanzwe y'ishirahamwe O-N-U, muri Siriya, Staffan de Mistura, i buryo

Mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’uburusiya biriko bigerageza gukomeza agahengwe muri Siriya, karimwo igisagara kigeramiwe n’ugutana mu mitwe ca Aleppo. Igisirikare ca Reta ya Siriya kimenyesha ko kwongereza ikiringo c’agahengwe yoba ri ingingo y’igihe gitoyi.

Abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Siriya bagiriza Uburusiya ko buriko bukoresha vya muzinga, mu gikorwa c’ugufasha igitero c’inteko za Reta kimaze indwi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yarerekanye muri iyi ndwi umwizero ku vyerekeye amasezerano y’uguhagarika ingwano.

Lavrov yarahayagije ishirwaho ry’urwego rugizwe na Amerika n’Uburusiya, rujejwe gukwirikirana agahenwe muri Siriya.

Amerika iremera ukwo gukorera hamwe hagati ya Amerika n’Uburusiya, naho igonanwa. Amerika ntiha agaciro kanini cane urwo rwego.

Uburusiya yamara bushaka kwedrrekana ivyo bwashitseko, ku vyerekeye gukorera hamwe na Amerika. Ivyo biha Uburusiya igihagararo burondera mu makungu.

XS
SM
MD
LG