Uko wahagera

Congo: Moise Katumbi Yagirizwa Gukoresha Abacangero


FILE - Moise Katumbi, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ya Republkika iharanira demokrasi ya Congo
FILE - Moise Katumbi, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ya Republkika iharanira demokrasi ya Congo

Abategetsi ba Reta ya Republika iharanira demokrasi ya Congo batanguje itohoza ku vyagirizo vyuko Moise Katumbi, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ashobora kuba ariko akoresha abacangero b’abanyamahanga.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, Alexis Thambwe Mwamba, avuga ko Reta ifise ivyemezo kw’abantu batari bake bahoze ari abasirikare b’Abanyamerika bariko bakorera Katumbi muri iki gihe mu ntara ya Katanga nk’abajejwe kurinda umutekano wiwe.

Katumbi, yigeze kuba bulamatari y’intara ya Katanga itunze ubutare bw’umuyumpu. Yavuye muri Reta ya perezida Joseph Kabila, mu kwezi nkw’icenda mu mwaka uheze, aja mu batavuga rumwe na Reta.

Ku musi w’Imana uheze, umurwi w’abatavuga rumwe na Reta basavye Katumbi kuba umukandida, mu matora y’umukuru w’igihugu y’uyu mwaka.

Ku musi wa gatatu, Katumbi yarakiye ako kamo katewe.

Yarahakanye ko ari yinjiza abacangero, akaba yavuze kw’ivyo vyagirizo bigenewe kugeramira imigambi yiwe ya politike.

XS
SM
MD
LG