Uko wahagera

USA: Ted Cruz Yavuye mu Matora


Ted Cruz wo mu mugambwe w'aba Republika n'umukenyezi wiwe
Ted Cruz wo mu mugambwe w'aba Republika n'umukenyezi wiwe

Senateri wo muri leta ya Texas Ted Cruz yariko yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe z’Amerika ku ruhande rw’abo mu mugambwe w’aba Republika yatanze yavuye mw’ihiganwa.

Ivyo abitangaje inyuma y’aho aboneye ko arushijwe na Donald Trump amajwi menshi mu matora y’ijinjora yo mu mugambwe w’aba republika yabaye kuwa kabiri muri Leta ya Indiana.

Cruz yabwiye abanywanyi biwe ko inzira imujana ku ntsinzi yugawe n’abitavye ayo matora, amenyesha ko bahisemwo ko ajana iyindi nzira.

Cruz ariko arashimira abanywanyi biwe mu gihugu cose aho yabise “abanyagihugu badasanzwe”.

XS
SM
MD
LG