Uko wahagera

Obama: Amerika niyo Yoshiraho Amategeko y'Ubudandaji n'Akarere ka Pasifike


Perezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Amerika, Barack Obama

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yateye akamo gashasha inama nshingamateka kwemeza amasezerano yerekeye ubudandaji mu karere ka Pasifike, kagizwe n’ibihugu cumi na bibiri.

Amenyesha ko ari Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zotegerezwa gushirahzo amategeko ku bijkane n’ugukorana n’akarere ka Asiya na Pasifike, mu bijanye n’ubutunzi, ko atari Ubushinwa.

Mu ciyumviro casohowe mu kinyamakxru, The Washington Post, Obama yarafashe minenerwe akigoro k’Ubushinwa hamwe n’ibindi bihugu cumi na bitanu k’ugushiraho ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ka Asiya. Iro shirahamwe rijejwe guhiganwa n’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vyerekeye ubutunzi, mu karere ka Asiaya na Psifike, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zashinze hamwe n’ibindi bihugu cumi na kimwe biri ku nkengera z’ibahari Pasifike.

Perezida Obama avuga ko amasezerano Ubushinwa bufise imigambi y’ugushikako, atazobuza inyifato itabereye y’uguhiganwa hagati y’amasosiyete afatwa mu mugongo na Reta, atazokingira uburenganzira bw’abakozi canke ngo akingire ibidukikije.

Yamara avuga ko amasezerano Amerika yagiranye n’ibihugu vyo mu karere ka Pasifike azofasha gukingira uburengenzira nkubwo.

XS
SM
MD
LG