Uko wahagera

Siriya: Agahengwe Karashoboka mu Gisagara ca Aleppo


Kofi annan (Ministry of Foreign Affairs Myanmar)
Kofi annan (Ministry of Foreign Affairs Myanmar)

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Uburusiya, Sergei Lavrov, yatangaje, uno musi ku wa kabiri, kw’amasezerano y’uguhagarika ingwano muri Siriya ashobora gutangazwa mu kiringo c’amasaha ari imbere.

Ivyo kugira bihagarike ingwano hagati y’inteko za Reta n’abarwanya ubutegetsi mu gisagara ca Aleppo.

Sergei Lavrov, yabonanye i Moscou n’intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U muri Siriya, Staffan de Mistura.

Inyuma yaho yabwiye abamenyeshamakuru ko afise umwizero kw’agahengwe gashobora kwumvikanwako vuba cane, mbere no qmu masaha ari imbere.

De Mistura, avuga ko ibiganiro vy’amahoro kuri Siriya vyahagaze bishobora gusubira kubandanya, hamwe ingwano yohagarikwa mu gisagara ca Aleppo.

Yamara ugutana mu mitwe gushasha kwabereye muri ico gisagara kiri mu buraruko bw’igihugu.

Televiziyo ya Reta ivuga ko abantu batari bake bishwe n’ibitero vy’amarokete mu bice biri mu minwe ya Reta.

XS
SM
MD
LG