Uko wahagera

Nta Bwisanzure bw’Amadini Kw’isi


Komisiyo yo muri Leta zunze ubumwe z’Amerika iharanira ubwisanzure bw’amadini mu rwego mpuzamakungu imenyesha ko ukwisanzura kw’amadini kwasubiye inyuma mu mwaka uheze.

Iyo Komisiyo imenyesha ko ama leta atwaza igikenye kw’isi ata mu mvuto abanyamadini cane cane abo mw’idini ry’aba kirisitu hamwe n’aba Isilamu, bahorwa ukwemera kwabo.

K’umugabane wa Burayi, havugwa kutoroherezwa kw’abayahudi hamwe n’abo mw’idini ry’aba Isilamu.

Ibihugu 13 nivyo vyagizwemwo amatohozwa. Muri vyo havugwa Ubushinwa buregwa gufunga abo mw’idini ry’aba Kirisitu bubahora ko banse gukura ikimenyetso c’umusaraba ku masengero yabo.

Muri Irani, abahurikiye mu madini y’inkehwa barishwe bahorwa kutemera Imana, naho muri Koreya y’amaja ruguru abanyamadini baharurwa mu bihumbi baratawe mvuto bahorwa ukwemera kwabo.

Muri Pakistani baricwa canke bagafungwa burundu.

XS
SM
MD
LG