Uko wahagera

Afganistani: Imbohe z'Aba Talibani Zigiye Kwicwa


Perezida wa Afganistani, Ashraf Ghani agiye gutera umukono kw’itegeko ryo kwica imbohe zose ziri mu mabohero zagirizwa ibikorwa vy’iterabwoba.

Ashraf Ghani yasezeraniye abanyagihugu biwe ko agiye kwihutisha kwica abantu baheruka gucirirwa imanza zo gupfa, inyuma y’aho baturikije ibibombe k’umurwa mukuru Kabul italiki 19 z’ukwezi kwa kane, ibitero vyahitanye abantu 64 bikomeretsa abashika 300.

Ico cipfuzo ca Perezida Ghani wa Pakistani gishikirijwe inyuma y’umusi umwe gusa aba Talibani basavye amashirahamwe yita ku gateka ka muntu hamwe n’umuryango utabara imbabare Croix Rouge ngo babatabarize leta ya Afganistani ihebe iyo ngingo.

Umuvugizi wa Perezida Ghani yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Perezida aza afise urutonde rw’abagiye kwicwa kandi ko umwanya uw’ariwo wose bashobora kwicwa.

Ico gitero cabaye I Kabul, cemanzwe n’aba Talibani, bituma bamwe mu banyepolitike muri Afganistani basaba ko abanywanyi b’aba Talibani bari mu mabohero bicwa.

XS
SM
MD
LG