Uko wahagera

Turukiya: Abapolisi 2 Bahitanwe na Bombe


2018年3月8日,中国江苏省扬州市, 来自瘦西湖的导游参加礼仪培训。头顶书本,以保持抬头挺胸。
2018年3月8日,中国江苏省扬州市, 来自瘦西湖的导游参加礼仪培训。头顶书本,以保持抬头挺胸。

Mu gihugu ca Turukiya, abapolisi babiri barapfuye, abandi bantu bashika 22 barakomereka bahitanwe n’ibombe yatezwe mu muduga mu gisagara ca Gaziantep kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.

Bulamatari w’ako karere, Ali Yerlikaya, yamenyesheje ko ico gitero cabaye ku wa mungu kibera hanze gato y’ikigo gikuru c’igipolisi. Amenyesha ko benshi mur’abo bakomeretse ari abapolisi.

Ico gisagara ca Gaziantep cagabwemwo ico gitero kigira gatandatu mu bunini kandi kibamwo abantu bangana n’umuliyoni n’igice. Kiri ku bilometero 55 uvuye mu gace kari hafi y’urubibe rwa Siriya kagenzurwa n’umugwi w’intagondwa wa leta ya Kiyisilamu.

Nta muhari n’umwe uriyitirira ico gitero gushik’ubu.

XS
SM
MD
LG