Uko wahagera

Burundi: Igitero muri Zone Kivumu i Bururi


Urwamo rw'amasasu rwarumvikanye mw'ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw'Imana italiki 30 ukwezi kwa 4 umwaka wa 2016, muri zone Kivumu, Komine Mugamba, mu ntara ya Bururi. Ababa mu micungararo y'ahavugiye ayo masasu bamenyeshako bumvise avugira ku kirindiro c'abapolisi kiri kuri uyo musozi.

Mu Gipolisi bamenyesha ko atawapfuye canke ngo akomereke.

Nayo kuco ayo masasu yavuyeko imvugo sizimwe hagati y'ivyashikirije n'umuvugizi w'igipolisi hamwe n'ivyavuzwe n'umukuru wa zone Kivumu.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Fidelité Ishatse:

XS
SM
MD
LG