Uko wahagera

Iraki: Bombe yarishe 17


Muri Iraki, abantu 17 nibo bapfuye abandi barenga 40 barakomeretswa na bombe yaturikijwe n’umwiyahuzi akoresheje imodoka, mu micungararo y’umurwa mukuru Baghdad k’umusi wa gatandatu

Abategetsi b’igipolisi ca Iraki batangaje ko ico gitero cari gitumbereye aba Isilamu bari mu rugendo ku kibanza ceranda citwa Kadhimiyah kiri I Baghdad mugihe ayandi makuru avuga ko cari gitumbereye isoko.

Nta mugwi n’umwe uraciyitirira gushik’ubu, ariko umugwi wa leta ya Kiyisilamu wariyemereye ko ariwo wagize uruhara mu bitero nk’ivyo vyabaye muri kahise vyari bitumbereye aba Isilamu bo mu bwoko bw’aba Shiite bari mu rugendo hafi y’ I Baghdad.

Mu kwezi kurangiye, aba sivile barenga 40 barishwe k’umurwa mukuru Baghdad bahitwanwe n’ibibombe.

XS
SM
MD
LG