Uko wahagera

Kenya: Abantu 12 Barahitanwe n'igorofa Yasenyutse


Muri Kenya, abantu bashika 12 nibo bamaze kumenyekana ko basize ubuzima bahitanwe n’igorofa babamwo yasenyuwe n’imvura nyinshi yaguye k’umusi wa gatanu ku murwa mukuru Nairobi.

Abajejwe gutabara gushik’ubu baracariko bagerageza ko borokora abatari bake bibaza ko bakiri musi y’ibibomoke vy’iyo nyubakwa.

Abategetsi ba Kenya bamenyesheje ejo kuwa gatandatu ko kugez’ubu abantu barenga 134 bamaze kurokorwa bakaba baciye bajanywa mu mavuriro kuvurwa ibikomere.

Imvura nyinshi yaguye I Nairobi kuwa gatanu mw’ijoro yatumye haba imyuzure y’amazi, imitumba irasenyuka mu duce tutari duke tw’I Nairobi.

Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta kuwa gatandatu yaragendeye ahabereye iryo bara aca ategeka ko nyene iyo gorofa yabomotse ahagarikwa.

XS
SM
MD
LG