Uko wahagera

Amasenge y'Inzovu Ategekanijwe Guturirwa i Nairobi


Ikirundo c'amasenge y'inzovu muri park, i Nairobi, muri Kenya

Ikirundo c'amasenge y'inzovu muri park, i Nairobi, muri Kenya

Ikirundo c’amsenge y’inzovu kiri muri park y’igihugu, i Nairobi muri Kenya.

Ayo masenge atagekanijwe guturirwa ku musi wa gatandatu, umusi w’uguheraheza ikoraniro ry’imisi itatu ku vyerekeye gukingira inyamaswa n’ibidukikije.

Ico gikorwa c’uguturira ayo masenge kizorangiza inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika, yitabwe na perezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, n’abakuru b’ibihugu vya Gabon na Uganda, hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’abaserukira amashirahamwe ajejwe gukingira inyamaswa n’ibidukikije.

Robin Hollister, umuhiga mu vyerekeye gukingira inyawaswa n’ibidukikijhe yarekanye ikimenyetso c’ukurwanya ubucurizi bw’amasenge y’inzovu bushobora kuzimanganya izo nyamaswa.

Amenyesha ko atari igikorwa coroshe.

Perezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, niwe azoturira igice kinini c’amasenge yakoranirijwe, muri park y’igihugu i Nairobi.

Abategetsi b’igihugu ca Kenya bizeye ko guturira ayo masenga bizotuma adashobora gukoreshwa inyuma yaho.

Ivyo biri mu mugambi w’ukurwanya guhiga inzovu mu buryo butarekuriwe n’amategeko.

XS
SM
MD
LG