Uko wahagera

Ibiganiro Bihuza Abarundi Vyasibishijwe


Benjamin Mkapa, yahoze ari perezida wa Tanzaniya, i bubamfu, ari kumwe na Kofi Annan yahoze ari umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe O-N-U, i buryo.
Benjamin Mkapa, yahoze ari perezida wa Tanzaniya, i bubamfu, ari kumwe na Kofi Annan yahoze ari umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe O-N-U, i buryo.

Inyuma y’imibonano hagati y’umuhuza mu biganirobihuza Abarundi, Benjamin Mkapa, yahoze ari perezida w’igihugu ca Tanzaniya, n’umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ko mu buseruko, Liberat Mfumukeko, ibiganiro vyari vyetegekanijwe kuba hagati y’italiki zibiri n’italiki zitandatu z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’i 2016, vyasibishijwe muri iki gihe. Ivyo vyasohowe mw’itangazo ry’ibiro vy’umuhuza mu biganiro vy’Abarundi.

Iryo tangazo rimenyesha kw’isibishwa ry’ivyo biganiro bizoha umwanya umuhuza kugirana iyindi mibonano n’impande zerwa n’ibibazo vy’Uburundi hamwe n’izindi mpande zose zifise uruhara mu bibazo vy’Uburundi.

Bitegekanijwe kw’ibiganiro bihuza Abarundi biba mu ndwi igira gatatu y’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’i 2016.

Ibiro vy’umuhuza ku bibazo vy’Uburundi, bimenyesha kw’ayandi makuru ku bijanye n’ivyo biganiro azotangazwa igihe bizoba bikwiriye.

XS
SM
MD
LG