Uko wahagera

Liyetena Jenerali Thomas Waldhauser Agiye Kuyobora AFRICOM


Liyetena Jenerali, Thomas Waldhauser yagenywe kuyobora ibiro AFRICOM
Liyetena Jenerali, Thomas Waldhauser yagenywe kuyobora ibiro AFRICOM

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yagenye Liyetena Jenerali, Thomas Waldhauser, kuyobora ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika, mu mpunyapfunyo, AFRICOM.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ash Carter, yavuze kw’igenwa rya Waldhauser ari ingingo itumbereye, ku vyerekeye kuyobora AFRICOM.

Carter avugako Walhauser ari umuntu afise ubuhinga mu vyerekeye ubuyobozi kandi amenyereye ivya gisirikare.

Mu mwaka w’i 2001, Waldhauser, yayoboye zimwe mu nteko za mbere za Amerika mu gihugu ca Afghanistani, inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabeye muri Amerika kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kw’icenda, umwaka w’2001.

Hamwe yokwemezwa n’inama nkenguzamateka, Waldhauser, yoca asubirira Jenerali David Rodriguez.

Ibiro bikuuru vy’igisirikare ca Amerika mu karere ka Afrika, AFRICOM bishimikira ku vyerekeye kwongereza inguvu z’abasirikare mu karere ka Afrika.

AFRICOM kandi imenyereza inteko zo muri Afrika kurwanya imirwi y’intagondwa, irimwo umurwi al-Shabab muri Somaliya, Boko Harama muri Nigeriya na Reta ya Kiyislamu muri Libiya.

Umushikiranganj ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter, arishimiye ko Waldhauser, azokwerekana ubuyobozi bukomeye bw’ibiro AFRICOM, nkubwo Rodriguez yerekanye mu kiringo c’imyaka itatu irangiye.

XS
SM
MD
LG