Presida Kiir yaragenye abashikiranganji 30. Cumi na bane muribo batowe n’umukuru w’abagwany’ubutegetsi yahawe ikibanza ca vice President Riek Machar hamwe n’abandi banyapolitike batavuga rumwe na reta.
Abo bashikiranganji barahiye uyu musi ku wa gatanu mu birori vyabereye ku murwa mukuru Juba.
Iyo ngingo yo gutunganya, n’imwe mu ngingo ziokomeye zishira mu ngiro amasezerano y’amahoro, President Kiir hamwe na Machar bateyeko igikumu.
Ayo masezerano y’amahoro aratera akamo gasaba gutunganya reta y’imfatakibanza izoshira mu ngiro imigambi inagura ubutunzi hamwe n’igisirikare; igatunganya amatora mu mezi 30, ikongera igakorana na sentare izokwirikirana ubwicanyi bwakozwe mu gihe c’ingwano.
Benshi mu bashikiranganji, n’abategetsi basanzwe bazwi bamaze imyaka myinshi muri Politike y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko.
Yamara gushika ubu, abatari bake barafise amakenga kw’abo bashikiranganji badashobora gukorana mu mahoro kugira ngo bateze imbere igihugu.
Igihgu ca Sudani yo mu bumanuko cagiye mu ngwano y’abanyagihgu bacanyemwo mu kwezi kwa 12 mu mwaka w’2003; amezi atandatu inyuma y’aho Kiir akuriye Machar mu kibanza ca vice presida. Abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi, baragandaguwe mu gihe abandi barenga imiliyoni zibiri bataye izabo kuva ico gihe.