Uko wahagera

Imbohe za Guantanamo Ziriyamirizwa Muri Amerika


Uruzitiro rw'ibohero rya Guantanamo, muri Cuba

Uruzitiro rw'ibohero rya Guantanamo, muri Cuba

Abashingamateka ba leta zunze ubumwe z’Amerika barabandanya guhakana ko ata mbohe zo mw’ibihero rya Guantanamo muri Cuba zizohonyoza ikirenge k’ubutaka bw’Amerika.

Mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yahuje abagize komite y’umutekano muri sena y’Amerika kuwa kane, baragaragaje ko icipfuzo ca Perezida Obama co kwimurira izo mbohe muri Amerika kidashoboka, kuko vyobangamira umutekano w’abanyagihugu.

Mu gihe hasigaye amezi ashika umunani ngo arangize amabanga yo kurongora Amerika, Perezida Barack Obama arabandanya agerageza kuraba ko yoshitsa ivyo yemereye abanyamerika ko azogenda yugaye ibohero ry’I Guantanamo.

Iryo bohero ryarigeze kuba rifise imbohe zishika 800. Ubu risigayemwo 80, kandi Perezida Obama yipfuza kuryugara kuko avuga ko biha icitwazo abakora iterabwoba kw’isi bavyitwaza kugira baronka abanywanyi benshi.

Perezida Obama ariko yiruka n’umwanya mu kurondera ibindi bihugu vyokwakira izo mbohe imbere yuko ikiringo ciwe ca nyuma kirangira mu kwezi kwa mbere k’umwaka uza.

XS
SM
MD
LG