Uko wahagera

Somaliya: Al-Shabab Izifatanya na ISIS


Abanyasomaliya bahurikiye mu murwi w’abayislamu b’intagondwa wa Al-Shabab baherutse gutangaza ko bagiye kwifatanya n’umurwi w’abaislamiste b’intagondwa ISIS, bariko barinjira ku murwa mukuru Mogadisho, nk’uko amakuru y’iperereza abitangaza.

Colonel ABDULLAHI Ali Maow, yahoze ar’umtegetsi ajejwe iperereza mu gihugu ca Somaliya, arinawe mur’iki gihe arongoye ibiro vy’igihugu ca Somaliya bijejwe ivyigwa bijanye n’umutekano, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko bamwe mu bagwanyi b’umuhari Al-Shabab, bariko barahungira ku murwa mukuru hamwe no mu ntara ziri ku rubibe, igihugu ca Somaliya gihana n’igihugu ca Kenya, kuko bomohowe mu ntara ya Middle Juba.

Umushingantahe Maow, yavuze kw’abo bagwanyi bakunda umurwa mukuru Mogasisho ngo kubera bashobora kwinyegeza mu banyagihugu imiliyoni n’imiliyoni batuye ico gisagara.

Mur’iyi ndwi, umuhari Isis waratangaje kw’ariwo wakoze igitero mu gihugu ca Somaliya, ku mudoko zikwirikirana z’abasirikare b’ishirahamwe rya Afurika.

Yamara umuvuguzi w’inteko za Afurika mu gihugu ca Somaliya, Joseph Kibet, yabwiye iradiyo Ijwi ry'Amerika, kw’ico gitero gishobora kuba cakozwe n’uwundi murwi atari ISIS.

XS
SM
MD
LG