Uko wahagera

ONU Yakomoreye Kote Divuwari ku Ntwaro


Inama mpuzamakungu ijejwe umutekano kw’isi, uyu musi ku wa kane, yafuse icemezo cari kimaze imyaka 12, cabuza igihugu ca Cote D’Ivoire kuronka ibigwanisho.

Ibihano bibuza igihugu ca Cote D’Ivoire kuronka ibigwanisho, vyari vyafashwe mu mwaka w’2004, inyuma y’aho ico gihugu kigiriye mu ngwano hagati yo mu mwaka w’2002 n’umwaka w’2003.

Ico cemezo co gufuta ivyo bihano cashigikiwe n’ibihugu vyose, kirashima kandi ibiganiro bibandanya hagati y’abanyapolitike bose bo mu gihugu ca Cote D’Ivoire, hamwe n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ryanaguwe.

Ico cemezo kiriyamiriza ibitero vy’iterabwoba vyabaye mu kwezi kwa gatatu, bigahitana ubuzima bw’abantu bashika 19.

Mur’iki gihe hari inteko hamwe n’abapolisi b’ishirahamwe mpuzamakungu bashika 6.900.

Ico cemezo kivuga kw’izo nteko zizoba zimaze kuva mu gihugu ca Cote D’Ivoire mu mpera z’ukwezi kwa kane mu mwaka w’2017.

Inama mpuzamakungu ijejwe umutekano kw’isi, yafuse kandi ibihano vyo kutagendera mu mahanga, vyari vyafatiwe abategetsi batandatu, barimwo President Laurent Gbabgo yahora atwara ico gihugu, mur’iki gihe ahanzwe n’urubanza muri sentare mpuzamakungu, imwagiriza ivyaha bikomeye.

XS
SM
MD
LG