Uko wahagera

Isirayeli: Abanyepalistina Babiri Barishwe n’Igipolisi


Igisirikare ca Isirayeli carishe kirashe abanyepalestina babiri bagirizwa kuba bari bitwaje imbugita kandi bariko begereza k’urubibe Isirayeli gihana na Palestina ahari abajejwe umutekano.

Igipolisi ca Isirayeli kimenyesha ko abo bantu bari bagizwe n’umugore hamwe n’umugabo bahagaritswe n’abajejwe umutekano ariko uwo mugora aca asokorora imbugita niho igipolisi caciye kibarasa. Ivyo vyabaye ku musi wa gatatu

Igipolisi ca isirayeli kimenyesha kandi ko n’uwo mugabo bamusanzemwo imbugita yamaze gupfa.

Kuva mu kwezi kwa cenda umwaka uheze hatanguye ubwicanyi mur’ako karere, abanyesirayeli bashika 28 baramaze kuhasiga ubuzima bacumiswe n’imbugita.

Abanyamerika babiri nabo nyene baramaze kuhasiga ubuzima. Ku ruhande rw’abanyepalestina, abashika 193 baramaze kwicwa n’inzego z’umutekano za Isirayeli.

XS
SM
MD
LG