Uko wahagera

Nta Kwisanzura Kw’Abanyamakuru Kw’Isi


Ubwisanzure bw’umwuga wo kumenyesha amakuru bwarasubiye inyuma cane kw’isi mu mwaka w’2015.

Ivyo bimenyeshwa n’ikigo gikurikirana ubwisanzure bw'umwuga wo kumenyesha amakuru "Freedom House" gifise icicaro muri Amerika.

Ukubangamirwa cane ku bamanyesha makuru kwabaye mu Burundi, bivanye n’indyane za Politike zadutse mu mwaka uheze, nkuko Freedom House ibandanya imenyesha.

Mu Burundi havugwa abamenyeshamakuru batawe muri yompi, abandi barakubitwa ndetse n’amaradiyo atari make arugarwa.

Ibihugu bibiri vyo ku mugabane w’Afirika vyarengeje urugero kurusha ibindi mu guca kubiri n’ubwisanzure bw’umwuga wo kumenyesha ama kuru ni Eritreya na Guinee Ekwatorial

Raporo y’uyu mwaka yasohowe inyuma y’amatohozwa yakozwe mu bihugu 199 hamwe n’ibindi bice vyo kw’isi.

XS
SM
MD
LG