Uko wahagera

Abu Sayyaf Yishe Imbohe Yo Muri Canada


John Ridsdel, w'imyaka 68, yishwe n'intagondwa

John Ridsdel, w'imyaka 68, yishwe n'intagondwa

Ministiri w’Intebe wa Canada Justin Trudeau yemeje ko umunyakanada wari warafashwe bugwate n’umutwe w’intagondwa mu gihugu cya Philippines yishwe aciwe umutwe.

Trudeau yamaganye urupfu rw’umukambwe John Ridsdel wari umuze igihe kigera ku mwaka ari mu maboko y’izo ntagondwa zari zasabye miliyoni 21 z’amadolari kugirango zimurekure.

Ridsdel yafatanwe n’undi munyakanada n’umunyanorvege mu kirwa cya Mindanao, agace kayoborwa n’intagondwa ziyita Abu Sayyaf.

Ministiri w’Intebe Trudeau yemeje urupfu rwa Ridsdel, amasaha make polisi yahitwa Jolo imaze gutangaza ko abantu babiri bari ku mapikipiki bataye ishashi y’umutwe wa nyakwingendera. Nta makuru mashya ku bandi bantu babiri bafatanwe na Ridsdel.

Mu ntangiriro z’uku kwezi ingabo za leta zagerageje kujya kubohora izo mbohe, ariko zirananirwa.

Umutwe wa Abu Sayyaf wavutse mu mwaka wa 1994, ukaba uterwa inkunga na al-Qaida.

XS
SM
MD
LG