Uko wahagera

Ububiligi: Stasiyo ya Metro ya Maelbeek Yasubiye Kwugurura


Uruhome rw'icibutso c'abahitanywe n'ibitero vy'iterabwoba vy'i Bruxelles, kw'italiki 22 z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'i 2016
Uruhome rw'icibutso c'abahitanywe n'ibitero vy'iterabwoba vy'i Bruxelles, kw'italiki 22 z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'i 2016

Abantu basubiye gukoresha satasiyo ya metro ya Maelbeek, yasubiye kwugurura uno musi ku wa mbere, i Bruxelles, mu Bubiligi.

N’ikimenyetso gishasha kw’igisagara ca Bruxelles casubiye kurangura imirimo yaco nkuko cahora, ukwezi kumwe inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye kw’italiki 22 z’ukwezi kwa gatatu, ku kibuga c’indege z’I Bruxelles no kuri stasiyo ya metro vyahitanye abantu 32.

Abanyagihugu bifatishije amasanamu ku ruhome rw’icibutso ruherutse kwubakwa.

Ku musi wa mbere, amatereni agira mu kuzimu yasubiye kurangura imirimo yayo nkuko bisanzwe ku gihe. Imirimo y’ayo matereni yari yagabanijwe.

Ikibuga c’indege za Zaventem, aho abiyahuzi, baturikije amabombe bari bafise, naco nyene casubiye kwugurura, ibice bimwe bimwe.

Ico kibuga c’indege gifise imigambi y’ugusubira gukora ibice vyose, mu kwezi kw’indwi.

Igisata c’ingenzi carageramiwe bikomeye, inyuma y’ibitero vy’iterabwoba. Amahoteri n’uburiro hagati mu gisagara ca Bruxelles vyabgabanutse ibice mirongo ine kw’ijana, ubuzi ibihumbi cumi bukaba bushobora gutakara.

Ivyo bimenyeshwa n’ishirahamwe ry’abadandaza i Bruxelles.

XS
SM
MD
LG