Uko wahagera

Amerika: Donald Trump Aratwenga Abo Bahiganwa


Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump
Umukandida w'Umurepublika, Donald Trump

Donald Trump, umukandida ari imbere y’abandi bahiganwa mu mugambwe w’Abarepublika, mu kurondera kugenwa n’umugamnwe wabo kugira bawuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimw,e muri uyu mwaka, muri Amerika, yatwenze, uno musi ku wa mbere, akigoro k’abo bahiganwa babiri, Ted Cruz na John Kasich, k’ukugeramira igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, mu kuvuga ko ari igikorwa c’abantu baburaniwe.

Abakandi b’Abarepublika bahiganwa na Trump, Ted Cruz na John Kasich, batangaje, ku muhingamwo w’ejo ku musi w’Imana, ko bagiye kuja hamwe kugira batume Trump adashikana amajwi asabwa kugira aserukire umugambwe wiwe, mu matora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Kasich yatangaje ko atazokwiyamamaza muri Reta ya Indiana, aho Abarepublika bazotora kw’italiki 3 z’ukwezi kwa gatanu. Ivyo kugira bihe Cruz amahirwe y’ugutsinda Trump muri iyo Reta.

Muri ico gihe Cruz yemeye guhagarika igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, mu ma Reta abiri yo mu burengero bwa Amerika, ya Oregon, aho amatora azoba kw’italiki 17 z’ukwezi kwa gatanu, na New Mexico aho amatora azoba kw’italiki indwi z’ukwezi kwa gatandatu.

Ivyo kugira bihe Kasich akaryo k’ugutsinda Trump muri ayo ma Reta.

Bompi Cruz na Kasich batangaje ko bazobandanya kwiyamamaza, umuwe umwe wese ukwiwe, mu yandi ma Reta.

XS
SM
MD
LG