Uko wahagera

Amerika Izorungika Abasoda 250 muri Siriya


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yategetse iyongerezwa rikomeye ry’inteko zidasanzwe za Amerika mu gihugu ca Siriya.

Yasavye ibihugu vy’i Bulaya kwongereza intererano yavyo mu rurani rujejwe kurwanya umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu.

Mw’ijambo yashikirije uno musi ku wa mbere, mu gisagara ca Hannover, Perezida Obama yavuze ko izindi nteko amajana abiri na mirongo itanu zizosanga inteko zidasanzwe mirongo itanu zari zisanzwe ziri muri Siriya.

Obama avuga ko ubuhinga bw’izo nteko bwagize akamaro gakomeye cane mu gufasha mu rugamba rw’ugutuza abarwanyi b’umurwi, Reta ya Kiyislamu mu bice bikomeye muri Siriya.

Mu ntango z’uku kwezi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zatangaje ko zizorungika izindi nteko amajana abiri, n’indege za kajugujugu z’ingwano, zo mu bwoko bwa Apache muri Iraki. Izo nteko zizofasha reta ya Iraki gusubira kwigarurira ibice biri mu minwe y’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu.

XS
SM
MD
LG