Uko wahagera

Muri Sudani, umugwi ujejwe gutunganya amatora umenyesha ko abanyagihugu bo mu ntara ya Darfur bahakanye ko amaleta atanu yitandukanije yokwiyunga agacika leta imwe.

Mu matora yabaye ku musi wa gatandatu, 98 kw’ijana ry’abitavye ayo matora barahakanye uwo mugambi.

Umwe mu bategetsi batunganije ayo matora yamenyesheje ko imiliyoni zitatu n’ibice bibiri mu miliyoni 3 n’ibice bitanu biyandikishije baritavye amatora.

Imihari irwanya leta, yari yiyumviriye ko mugihe ayo ma leta yokwiyunga vyotuma abanyagihugu baronka ubwigenge burushirije.

Ntibitavye ayo matora, bagirije leta ya Sudani ko yatanze ibiharuro bitari vyo.

XS
SM
MD
LG