Uko wahagera

USA: Nta Bandi Basirikare Barwanira Hasi Muri Siriya


Abasirikare b'Amerika

Abasirikare b'Amerika

Perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika Barack Obama amenyesha ko Amerika ata mugambi ifise wo kurungika abasirikare barwanira k’ubutaka muri Siriya.

Ivyo Obama yabitangarije kuri Televiziyo ya BBC yo mu bwongereza kuwa mungu.

Obama yamenyesheje ko hari ibindi bishobora gukorwa mu gutorera inyishu ibibazo biri muri Siriya hatarinze gukoreshwa inguvu za gisirikare.

Obama amenyesha ko amakungu akwiye kugondoza ibihugu vy’Uburusiya na Irani yagiriza ko arivyo bishigikiye leta ya Bashar al-Assad.

XS
SM
MD
LG