Uko wahagera

Ekwateri: Abahitanwe na Nyamugigima Bashitse Ku 646


Ihoteli yahitanywe na nyamugigima muri Ekwateri
Ihoteli yahitanywe na nyamugigima muri Ekwateri

Ibitigiri bishasha vy’abasize ubuzima muri nyamugigima yabaye muri Equateur mu ndwi iheze gishitse ku bantu 646.

Ivyo vyatangajwe na Perezida w’ico gihugu Rafael Correa.

Iyo nyamugigima yabaye ku musi wa gatandatu w’indwi iheze yakomerekeje abantu baharurwa ku bihumbi 12,500, abashika 130 barabura irengero ryabo.

Ibihumbi vy’abapolisi n’abasirikare nibo bariko barafasha ababashije kurokoka. Hambavu y’abo, abatabazi bamuka mu bihugu birenga cumi baragiye gufasha mur’ako kaga.

Mur’ivyo bihugu harimwo Espanye, Peru, Cuba, Boliviya, na Venezuwela.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuwa gatanu ryasavye imiliyalidi zishika 72.7 zo kugarukira ku bantu bashika ibihumbi 350 mu mezi atatu ari imbere.

Igisata ca ONU cita ku bana, UNICEF naco gitangaza ko abana bashika ibihumbi 150 bahungabanijwe n’ico kinyamugigima, amashure 119 yarasambutse.

XS
SM
MD
LG