Uko wahagera

USA: Abantu 8 Bishwe Barashwe Muri Leta ya Ohio


Obama agaragaza umubabaro ku bwicanyi bugirwa n'abitwaje ibirwanisho muri Amerika
Obama agaragaza umubabaro ku bwicanyi bugirwa n'abitwaje ibirwanisho muri Amerika

Igipolisi co muri leta ya Ohio muri Leta zunze ubumwe z’Amerika kiriko kirahiga umuntu yishe arashe abantu umunani bo mu muryango umwe ku musi wa gatanu.

Mu bapfuye harimwo umuvyeyi hamwe n’umwana wiwe yar’amaze imisi ine gusa avutse, biciwe mu gitanda baryamye.

Igipolisi kimenyesha ko bamwe mu bapfuye babasanze mu bitanda baryamye basinziriye.

Abategetsi bo mur’iyo leta ya Ohio bagabisha abacitse kw’icumu mur’uyo muryango kuguma bameze magabo mugihe uwo mwicanyi atarafatwa.

Guverineri w’iyo leta ya Ohio John Kasich, asanzwe ari muri leta ya Pennsylvania mu bikorwa vyo kwiyamamaza mu matora atangaza ko ivyabaye abikurikiranira hafi kandi ko birengeye ugutahura kw’umuntu.

XS
SM
MD
LG