Uko wahagera

Congo: Amasezerano Akomeye y'Ugukingira Amashamba


Amashamba yimeza yo mu karere ko muri Afrika yo hagati
Amashamba yimeza yo mu karere ko muri Afrika yo hagati

Republika ya Congo, yateye igikumu ku masezerano y’imiliyoni amajana abiri y’amadolari, agenewe kurwanya ihonya ryihuta ry’amashamba yimeza muri ico gihugu. Amashamba yimeza mu karere Congo irimwo, aza ubwa kabiri mu bunini kw’isi inyuma y’amashamba yimeze yo muri karere ka Amazone.

Republika ya Congo nico gihugu ca mbere giteye igikumu ku masezerano n’umugambi ujejwe gukingira amashamba yimeza mu karere ko muri Afrika yo hagati, “Central Africa Forest Initiative”. N’umugambi w’amezi indwi ugenwe gukomeza utwigoro tw’ugukingira amashamba mu karere.

Uwo mugambi watangujwe mu mwaka uheze n’ibindi bihugu bitanu vyo muri Afrika, hamwe n’ibihugu bitanga imfashanyo vy’i Bulaya.

Uwo mugambi usaba ibihugu biwufisemwo uruhara, gushiraho imigambi igenewe kurwanya ibikorwa bihonya amashamba.

Amashamba mu karere Congo irimwo, akwiragiye mu karere kagera ku bilometero kwadrato imiliyoni zibiri. Yamara ayo mashamba ariko agabanuka hafi y’ibilometero kwadrato ibihumbi bitanu n’amajana atandatu ku mwaka.

Ivyo bivuye cane cane ku kwagura imirima y’ibigazi.

XS
SM
MD
LG