Uko wahagera

Mali: Isanganya Yatewe n'Amakosa y'Abadereva


Ibisigarira vy'indege itwara abantu y'igihugu ca Algeriya, Air Algerie, AH5017, mu buraruko bw'igihugu ca Mali, mu kwezi kw'indwi, mu mwaka w'i 2014.
Ibisigarira vy'indege itwara abantu y'igihugu ca Algeriya, Air Algerie, AH5017, mu buraruko bw'igihugu ca Mali, mu kwezi kw'indwi, mu mwaka w'i 2014.

Impanuka y’indege itwara abantu y’igihugu ca Algeriya, yahitanye abantu ijana na cumi na batandatu mu kwezi, mu mwaka w’i 2014 yatumwe n’amakosa atari make y’abadereva.

Raporo yasohowe, uno musi ku wa gatanu, abajejwe gutohoza impanuka z’indege batangaje kw’abadereva b’iyo ndege batakoresheje uburyo bukura ibarafu ku ndege, naho iyo ndege yariko ica mu gihe aho ikirere cari kimeze nabi.

Abo badereva kandi bishuye batevye igihe iyo ndege yahagarara.

Iyo ndege itwara abantu y’igihugu ca Algeriya, yari ivuye ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou, igana umurwa mukuru wa Algeriya, Algers, igihe yasambukira mu bugararwa mu gice co mu buseruko bw’igihugu ca Mali. Hafi y’igice c’abantu bari muri iyo ndege bapfuye bari Abafransa.

Iyo mpanuka yabaye mu kwezi kw’indwi, mu mwaka w’i 2014, yari impanuka yihaye inkumbi yagira iya gatatu, mu makungu, mu kiringo c’imisi umunani gusa.

XS
SM
MD
LG