Uko wahagera

USA: Urupfu rwa Prince Ruracyari Amayobera


Umucuraranzi kirangiranwa, Prince, yitavye Imana ku musi wa kane, mu gisagara ca Minneapolis, muri Reta ya Minnesota
Umucuraranzi kirangiranwa, Prince, yitavye Imana ku musi wa kane, mu gisagara ca Minneapolis, muri Reta ya Minnesota

Urupfu rw’umu c’umucuraranzi kirangirwa w’Umunyamerika, Prince rubandanya kuvurwa.

Prince, yari afise imyaka 57, yitavye Imana ku musi wa kane mu gitondo i muhira iwe, hanze y’igisagara ca Minneapolis, muri eeta ya Minnesota. Imvo z’urupfu ruwe ntiziramenyekana. Ibizoba bivuye mw’ipimwa ry’ikiziga ku musi wa gatanu, bitegekanijwe gufata imisi itari mikie.

Igipolisi gitangaza ko catoye, Prince, yatowe atagihema muri "ascenseur" y’inzu yiwe inyuma yuko bahamagawe. Vyatangajwe ko yitavye Imana inyuma yuko itwigoro tw’ukumurabura tunaniwe.

Hari umuntu yahamagaye ibiro bijejwe gutabara vyihutirwa, kugira batabare vyihutirwa, Prince, ntiyari azi neza aderesi y’imuhira iwe.

Prince yarajanywe mu bitaro mu ndwi ihgeze. Indege yiwe yarurutse vyihutirwa muri reta ya Ilinois, inyuma yuko agize ibiteramo muri Reta ya Georgia. Nta birenga aho vyashikirijwe ico gihe ku vyerekeye amagara yiwe.

Prince yavutse azwi kw’izina rya, Prince Rogers Nelson, mu gisagara ca Minneapolis kw’italiki indwi z’ukwezi kwa gatandatu, umwaka w’1958.

Ku banyagihugu bo mu gisagara ca Minneapolis, gutakaza Prince n’ububabare butagira uko bungana.

Abafana ba Prince ibihumbi n’ibihumbi batanguye gukoranira hanze ya Studiyo yiwe, Paisley Park, ejo ku musi wa kane, inyuma yuko urupfu rwiwe rutangajwe. Bakaba babandanije kuza muri ico kibanza mu masaha yo mw’ijoro.

Prince yari afise imyaka 19 igihe yasohora Album yiwe ya mbere, “For You” mu mwaka w’1978.

Mu myaka yakwirikiye, uwo mucuraranzi yari afise ubuhinga bwinshi cane yarasohoye Album, “, “Purple Rain” mu mwaka w’1984. Iyo Album niyo yatumye amenyekana cane. Haratunganijwe na cinema kuri iyo Album. Mu mwaka w’i 1999, Prince yasohoye Album, “Purple Rain”.

Prince yagurishije kopi za Album ziwe zirenga imiliyoni ijana kw’isi. Yatsinze udushimwe twa Grammys indwi, n’agashimwe gakomeye ka Oscar gahabwa abakinyi bakomeye cane b’ama films ku ruririmbo rwiwe, “Purple Rain”

Prince yagiye ku rutonde rw’abacuraranzi kirangiranwa b’umuziki wa Rock n’Roll, mu mwaka w’i 2004.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yatangaje ko amakungu atakaje umuhinga cane mu vyerekeye gucuraranga.

Yatangaje ko Prince yari umwe mu bacuraranzi bafise ubuhinga bukomeye cane mu bihe turimwo.

Prince yacuraranga ubwoko bw’umuziki bwa Funk, R & B na Rock and Roll.

Igurishwa ry’umuziki wiwe ryiyongeye cane rwose kuva amakuru y’urupfu rwiwe amenyekanye.

XS
SM
MD
LG