Uko wahagera

ONU: Igikumu ku Masezerano kw'Ihindagurika ry'Ibihe


Bitegekanijwe kw’abategetsi b’ibihugu bigera kw’ijana na mirongo irindwi vyo kw’isi bahurira ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, i NewYork, ku musi ku wa gatanu. Baratera igikumu ku masezerano kw’ihindagurika ry’ibihe yashitsweko i Paris mu Bufransa haheze amezi ane.

Abategetsi b’ishirahamwe ONU batangaza kw’ibirori vy’ugutera igikumu kuri ayo amsezeranbo uno musi ku wa gatanu izoba ibaye intambwe ya mbere mu migenderanire mu makungu.

N’ubwa mbere mu mateka ibihugu bingana uko bitera igikumu ku masezerano nkayo. Ibirori vy’ugutera igikumu kuri ayo masezerano vyotuma ashirwa mu bikorwa imbere y’ikiringo ntarengwaho cashizweho mu ntango mu mwaka w’i 2020.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w' Amerika, John Kerry, aza guserukira igihugu ce muri ivyo birori.

Amasezerano kw’ihindagurika ry’ibihe yashitsweko mu kwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka uheze, mu biganiro vvayebereye i Paris, mu Bufransa. N’intambwe ikomeye cane ku vyherekeye ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe kw’isi.

XS
SM
MD
LG