Uko wahagera

USA: Abanyasudani Biyamirije Ihonyabwoko


Imyiyerekano y'ukwiyamiriza ihonyabwoko muri Darfur i Washington

Imyiyerekano y'ukwiyamiriza ihonyabwoko muri Darfur i Washington

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bwishuye, ejo ku musi wa kane, ku myiyerekano n’ukugarariza gufungura vyamaze imisi ibiri, vyagizwe n’Abanyadarefuri hanze y’ibiro vya perezida wa Amerika, Maison Blanche, mu mpera z’indwi irangiye.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuganye akatari gake n’ishirahamwe ry’abapfasoni, risaba ko hafatwa ingingo ku vyerekeye Darfur. Iryo shirahamwe niryo ryateguye iyo myiyerekanao n’ukwo kugarariza gufungura.

Abari mu myiyerekano bavuzeko Reta ya Obama itakoze ibihagije, kugira igwanye ihonyabwoko muri Darfur.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bwatangaje kw’ikintu ca mbere bushaka gushikako ar’ukugarukana amahoro n’umutekano bizorama muri Darfur.

Iyo myiyerekano iri mu ndwi yahariwe gufata ingingo y’ukurwanya ihonyabwoko muri Darfur. Iyo ndwi ikazobandanya gushika ku musi wa mbere, italiki 25 z’ukwezi kwa kane.

Abantu bagera kw’ijana bari mu myiyerekano, basemerera bati: “ Hagarika Ihonyabwoko muri Darfur” n’Ubutungane muri Darfur”

XS
SM
MD
LG