Uko wahagera

Yemeni: Ibiganiro vy'Amahoro Vyatanguye


Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, muri Yemeni, Ismail Ould Cheikh Ahmed
Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, muri Yemeni, Ismail Ould Cheikh Ahmed

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zakiye neza ibiganiro vy’amahoro ku gihugu ca Yemen vyatanguye, uno musi ku wa kane, mu gihugu ca Koweit.

Ivyo inyuma yuko ivyo biganiro bisibishijwe igihe abaserukira abarwanya Reta bagumye i muhira, mu kwidogera ukurenga ku masezerano y’uguhagarika ingwano kwagizwe n’inteko zishigikiye Reta.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kirby, avuga ko bumva ko impande zose muri iki gihe zashitse muri Koweit, kandi ko ziteguriye gutangura ibiganiro.

Amenyeshako vyongeye agahengwe muri Yemen muri rusangi kubahirijwe.

Kirby, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizobandanya kwemerako ivyo biganiro bihambaye cane kuri Yemen muri iki gihe.

Amenyesha ko basaba impande zose kubishiramwo ugushaka, kugira bihagarike ingwano muri ico gihugu bidatevye, zigaruke mu nzira y’ugutorera inyishu ibibazo vya politike biciye mu mahoro.

Ibiganiro kuri Yemen, biriko bibera muri Koweit. Vyari bitegekanijwe ko bitangura ku musi wa mbere.

XS
SM
MD
LG