Uko wahagera

Amerika: Ubushomeri Bwaragabanutse Bikomeye


Igitigiri c’abantu bariko basaba gufashwa kubera ukubura akazi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika caragabanutse mu ndwi iheze, ku rugero rutari bwaboneke mu kiringo c’imyaka mirongo ine n’ibiri.

Raporo yasohohowe, uno musi ku wa kane n’ubushikiranganji bw’akazi, imenyesha kw’igitigiri c’abavuga ko batagira akazi cagabanutse.

Abahinga mu vyerekeye ubutunzi bakoresha ibitigiri vy’abavuga ko batagira akazi, kugira bakwirikirane ibitigiri vy’abakozi birukanywe mu kazi mu gihugu. Bamenyesha ko ibitigiri ivyarivyo vyose biri musi y’ibihumbi amajana atatu vyerekana kw’isoko ry’akazi ryifashe neza.

Bamwe mu bihweza ibintu bavuga ko ibiharuro biherutse gushikirizwa, vyerekana kw’ubutunzi bwifashe neza mu ntango z’uyu mwaka. Nico gituma abakoresha bagumya abakozi basanganywe, mbere bakanijiza abakozi bashasha.

XS
SM
MD
LG