Uko wahagera

Inteko za Ethiopia muri Sudani yo mu Bumanuko


Ethiopia kw'Ikarata
Ethiopia kw'Ikarata

Igisirikare ca Ethiopia catangaje ko cinjiye mu bumanuko bwa Sudani yo mu bumanuko, gikikuza imihana aho abana barenga ijana banyurujwe ku butaka bwa Ethiopia, bafatiwe.

Abo bana bafashwe igihe abikekwa ko ari abarwanyi bo mu bwoko bw’aba Nurle, batera imihana mu ntara ya Gambella iri mu bumanuko bwa Ethiopia, ku musi wa gatanu w’indwi iheze.

Abantu barenga amajana abiri barishwe muri ivyo bitero.

Reta ya Suidani yo mu bumanuko itangaza ko iriko irakorana n’igisirikare ca Ethiopia.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’infatakibanza, Peter Bashir Gbandi, yatangaje kw’ata ruhara igisirikare ca Sudani yo mu bumanuko cagize mu bitro vyo ku musi wa gatanu w’indwi iheze.

Baba Medan, bulamatari w’intara ya Borna, aho aba Murle baba, yagirije abarwanyi b’umurwi Cobra, wahoze ukorera muri ako karere, ku vyerekeye ico gitero.

Umurwi w’abarwanyi Cobra wagize umugumuko w’ukurwanya Reta ya Sudani yo mu bumanuko, kuva mu mwaka w’i 2011 gushika mu mwaka w’i 2013.

David Yau Yau, yayoboye uwo mugumuko, yarahakanye uruhara rw’umurwi Cobra, mu bitero vyo ku musi wa gatanu w’indwi irangiye.

Yabwiye Ijwi rya Amerika kw’abikekwa muri ivyo bitero bari abarwanyi bahawe ibirwanisho na, Baba Medan, ubwiwe.

XS
SM
MD
LG