Uko wahagera

New York: Donald Trump na Hillary Clinton Baratsinze Amatora


Umukandida w'Umudemokrate, Hillary Clinton ariko aramutsa abamushigikiye muri Reta ya New York, kw'italiki 20 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2016
Umukandida w'Umudemokrate, Hillary Clinton ariko aramutsa abamushigikiye muri Reta ya New York, kw'italiki 20 z'ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2016

Umurepublika, Donald Trump n’Umudemokrate, Hillary Clinton bariko batera beregeza gutsindira kugenwa n’imigambwe yabo kuyiserukira mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Ivyo inyuma yuko batsinze, ejo ku musi wa kabiri, amatora yo mu ntango yo muri Reta ya New York.

Muri iki gihe bariko bitegurira ayandi matora ya mbere yo mu ma Reta atanu mu ndwi iza kugira babandanye baja imbere y’abo bahiganwa.

Amatora ya mbere akwirikira ni kw’italiki 26 z’ukwezi kwa kane, mu ma Reta ane yo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. N’ukuvuga ama Reta ya Pennsylvaniya, Maryland, Connecticut na Rhode Island.

Ivyatohojwe imbere y’amatora smuri ayo ma Reta vyerekana ko Donald Trump na Hillary Clinton bari imbere bikomeye y’abo bahinganwa. Reta ntoyi ya Delaware nayo nyene izogirisha amatora ya mbere mu ndwi iza.

Nta numwe haba, Doland Trump, canke Hillary Clinton, arashikana amajwi kwiye kugira bagenwe n’imigambwe yabo kuyiserukira mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Yamara bashobora kuba bashikanye ayo majwi imbere yuko imigambwe yabo igirisha amakoraniro y’ukugena abakandida bazoyiserukira mu kwezi kw’indwi.

XS
SM
MD
LG